UMUNSI MUKURU WO KWIBUKA UBUMWE BW'ABARUNDI WAMA UHIMBAZWA BURI WA 5 RUHUHUMA.

UMUNSI MUKURU WO KWIBUKA UBUMWE BW'ABARUNDI WAMA UHIMBAZWA BURI WA 5 RUHUHUMA. - image | daflx blog

Published 05-02-2024 04:02:52 in

Nk'uko vyama igenekerezo rya 05 z'ukwezi kwa Ruhuhuma, Uburundi bwama bwibuka amasezerano y'ubumwe bw'abarundi. Uwo musi mukuru ukaba uhimbazwa mu ntara zose zigize igihugu c'Uburundi.

Uno munsi, Imyaka 33 iraheze abarundi bemeje amasezerano y'ubumwe bwabo.

Prezida Pierre Buyoya yarashizeho umugwi kuwa 4 Gitugutu 1988 inyuma y'ubwicanyi bwabereye mu ma komine ya Ntega na Marangara ziri mu Ntara ya  Ngozi na Kirundo. Hari muri Myandagaro 1988. 

Uwo mugwi wari ugizwe n'abantu 24 bari mu moko yose(Hutu,Tutsi). 

Urutonde rw'abari bagize umurwi :

1. Libère Bararunyeretse;
2. Balthazar Habonimana, yari yasubiriye Adrien Sibomana;
3. Donatien Bihute ;
4. Raphael Bitariho ;
5. Commandant Gérard Haziyo ;
6. Jean Kabura ;
7. Monseigneur Stanislas Kaburungu ;
8. Nicolas Mayugi ;
9. Lieutenant-Colonel Jean-Baptiste Mbonyingingo ;
10. Charles Mukasi ;
11. Arthémon Mvuyekure ;
12. Emile Mworoha ;
13. Adolphe Nahayo ;
14. Gérard Ndayisenga ;
15. Monseigneur Alfred Ndoricimpa ;
16. Monseigneur Evariste Ngoyagoye ;
17. Ambroise Niyonsaba ;
18. Sylvestre Ntibantunganya ;
19. Albin Nyamoya ;
20. Major Didace Nzikoruriho ;
21. Luc Rukingama ;
22. Marthe Rukingamubiri ;
23. Marie-Louise Sebazuri ;
24. Gamaliel Ndaruzaniye.


Share on your social networks