UMUGORE YAKASE IGITSINA C'UMUGABO WIWE INYUMA YO KUMENYA KO AMAZE IMYAKA 15 ARENGA IBIGO.

UMUGORE YAKASE IGITSINA C'UMUGABO WIWE INYUMA YO KUMENYA KO AMAZE IMYAKA 15 ARENGA IBIGO. - image | daflx blog

Published 28-12-2023 10:12:54 in

Inkuru iriko iragarukwako n'ibinyamakuru vyinshi hirya nino ku mbuga ngurukanabumenyi n'iyu mugore yakase igitsina c'umugabo wiwe amuziza ko yamuciye inyuma imyaka 15 yose n'umwe mu muryango w'uwo mugore.

Uwo mugore w'imyaka 34 y'amavuko , asanzwe aturuka mu gihugu ca Brésil. Ubwiwe ariyemerera icaha inyuma yo gufata umugabo amuciye inyuma akaza kumenya ko amaze imyaka 15 yose abikora babana.

Abajejwe umutekano bo mur'ico gihugu, bamenyesha ko uwo mugore yaje kwirega inyuma yo gukora ayo mabi. Akaba yababwiye ivyabaye atawe amubajije canke ngo amwagirize.

Uwo mugore avuga ko yajanye n'umugabo wiwe mu cumba nk'ibisanzwe, umugabo azi ko agiye kurangura amabanga y'abakuze maze uwo mugore afata amaboko n'amaguru vy'umugabo arazirika, afata umukasi aca igitsina c'umugabo agenda kugita mu bwiherero bwabo. 

Aho yagenda ku kirindiro c'abajejwe umutekano kwirega, uwo mugore yavuze ko igitsina c'umugabo wiwe yagitaye kure kuko yumvise ko bashobora kugisubizako kwa muganga. 

Abantu benshi bakomeje gutangazwa n’umutima ukomeye uwo mugore afise, kugera naho akata igitsina c’umugabo wiwe.

 





Source: ghpage.com

Share on your social networks