NINDE AZOSANURA ISOKO NKURU YA BUJUMBURA.

NINDE AZOSANURA ISOKO NKURU YA BUJUMBURA. - image | daflx blog

Published 27-01-2024 02:01:04 in

Mu gatondo ku musi w'Imana itariki 27.01.2011,  umuriro mwinshi wadutse mu kibanza kimwe cari mw'isoko nkuru y'igihugu maze urarandagata ushika mu bindi bibanza.

Nk'uko vyanditswe n'iradiyo y'abafaransa RFI, ico gihe hari uruja n'uruza rw'abantu : abagerageza kuzimya, abasohora ibidandazwa vyabo bitarafatwa ndetse n'abaja gusahura.

Ivyashike iyo soko nkuru ya Bujumbura ari nk'ikiza mu gisata c'ubutunzi (catastrophe économique) mu Burundi. Ibidandazwa biciye imiliyaridi 68 vyahononekariye, amahera angana imiliyaridi 7 yahazimanganiriye. Abantu bashika 7.000 bakorera muri iryo soko baratakaje akazi.

Utwigoro two gusanura iyo soko twaratanguye kwiyumvirwako n'aho tutarashirwa mu ngiro. 

Muri Myandagaro 2023, abakenguzamateka babajije Umushikirangaji ajejwe inyubako za Reta aho bagejeje kwiyumvira gusanura isoko nkuru ya Bujumbura. Ico gihe Umushikirangaji yishuye ko barondeye abahinga babafasha kwerekana igicapo gishasha c'ingene iyo soko yoba imeze. Icegeranyo c'intangamarara caramaze kuboneka naho kitaraherahezwa.

Ico gihe nyene, abakenguzamateka barerekanye ingene kutagira irya soko (ya Bujumbura) biri mu bidindiza rya hangiro ry'Uburundi buzoba bwifashe mu mwaka 2040.  Aho batanze akarorero k'abadandaza benshi bidoga ko babuze aho gukorera kubera ibibanza bizimvye kandi bitanaboneka ku bwinshi.

Kuwa 9 Nzero 2024 imbere y'abashingamateka, Umushikirangaji Dieudonné Dukundane akaba yamenyesheje ko igicapo c'intangamarara camaze kuboneka ndetse yagihaye n'abamukurira kugira batangure kuvugana n'abipfuza gushiramwo imitahe.

Isoko nkuru ya Bujumbura yari yuguruwe muri Ruhuhuma 1994 na Prezida Cyprien Ntaryamira kw'izina ry'umudandaza Ciza Charles. Imyaka 11 ikaba irangiye ihiye igatokombera.

Share on your social networks