KIDUMU INYUMA Y'IMYAKA INE ADAHONYOZA IKIRENGE MU GIHUGU C'URWANDA ARAMENYESHA KO ABITEGURIYE KU BANEZEREZA

KIDUMU INYUMA Y'IMYAKA INE ADAHONYOZA IKIRENGE MU GIHUGU C'URWANDA ARAMENYESHA KO ABITEGURIYE KU BANEZEREZA - image | daflx blog

Published 23-02-2023 11:02:55 in

Nimbona Jean Pierre azwi kw'izina rya Kidum Kibido inyuma y’imyaka ine yari amaze adateramira mu Rwanda, yaraye ageze mu muji wa Kigali aho ategerejwe mu gitaramo ca " Kigali Jazz Junction " gitegekanijwe kur'uyu wa 24 ntwarante 2023.

Uyu muririmvyi ufise amateka akomeye muri muzika yo mu Karere ka Afurika y’ubuzeruko , yageze i Kigali mw'ijoro ryo ku wa 22 ntwarante 2023.

Kidum yari aryohereyeye no gusubira kugaruka i Kigali , yamenyesheje ko atigeze ahagarika guteramira mu Rwanda kubera ibibazo vya politike ahubwo hari impamvu zitamuturutseko .

Ati “Kugaruka i Kigali inyuma y’imyaka ine ntahateramira, ni umunezero ntabona uko nsobanura kandi n’abari i Burundi ndabizi ko bari kubikurikirana cane ko n’ambasaderi w’u Burundi mu Rwanda na we ari hano. Ntabwo ari ikintu coroshe , abakunzi banje bitege umuziki udasanzwe w'ikibiriraho (live).

“Sinigeze mvuga ko ntazongera guteramira mu Rwanda, ahubwo hari ibibazo ntafitiye ububasha bindusha ingumvu vyabayeho.”

Uyu muririmvyi avuga ko yanyuzwe , n’aho umubano w’u Rwanda n’u Burundi ugeze, avuga ko kimwe mu bimunezeza ari ukubona Abanyarwanda n’Abarundi babanye neza kuko bafite vyinshi basangiye.

Kidum yaheruka gutumirwa i Kigali mu 2019 ariko iki gitaramo nticabaye ku mpamvu z’umutekano kuko abagiteguye nta vyangombwa bari basavye mu nzego zibishinzwe.

Ico gihe Kidum kwihangana vyaramugoye abifata nk’ikibazo ca politike cari kiri hagati y’u Rwanda n’u Burundi, ahitamwo gusunika guteramira muri ibi bihugu vyose, yisubirira muri Kenya aho aba.

Nyuma y’igihe kitari gito uyu muririmvyi yabonye ko ingingo yafashe yarababaje benshi , asubira ku menyesha ko azobandanya ateramira muri ibi bihugu vyose , kuva avavanuye n'iyo mvugo amaze gutegura ibiteramo bibiri Mu Burundi .

Share on your social networks