INKURU MBI Y'URUPFU RWA ADRIENNE NAHIMANA YAMENYEKANYE MU GIKINO NINDE.

INKURU MBI Y'URUPFU RWA ADRIENNE NAHIMANA YAMENYEKANYE MU GIKINO NINDE. - image | daflx blog

Published 18-01-2024 11:01:25 in

Mu masaha y'ijoro yo ku munsi wa kane itariki 18.01.2024, niho hamenyekanye urupfu rw'umukinyi rurangiranwa w'igikino "Ni nde?" Adrienne Nahimana. N'urupfu rwaje inyuma y'igwara y'igisukari yari amaranye igihe agendana.


Adrienne Nahimana yari umukinyi yamenyekanye cane biciye mu gikino "Ni nde ?" Yavutse mu mwaka wa 1957, avuka ku mutamba wa Kabanga komine Giheta iri mu Ntara ya Gitega. Yatanguye gukina mur'ico gikino kuva mu mwaka wa 1981, ari no mubatanguranye naco kw'iradiyo nkuru y'igihugu. 

 Adrienne Nahimana yari umwe mu bakinyi bakunzwe cane n'urwaruka rwinshi bitewe n'uko yifata mu gakino.
Bamwe bamwe mu bakinyi b'amareresi yo gutwenza bahora bamwigana mu gusubiramwo ijwi ryiwe nk'ikimenyetso c'umukinyi yagize ico Amara mu kibano.

 Tumwe mu tujambo twatumye yigarurira imitima ya benshi nka "Bikira Mariya Mawe", "Mukama w'ikigongwe", "Ntunkoroge". Twakunzwe n'abantu isinzi bitewe n'uko atuvuga. Abantu bahavuye bamutazira  "Bikira Mariya Mawe".


Adrienne Nahimana yinjiye ibitaro ku wa mbere itariki 15.01.2024 arembejwe n'irwara y'igisukari [Diabète] yar'asanzwe agendana kuva mu mwaka wa 2018. Yitavye Imana mw'ijoro ryo kuwa Kane [ nk'igihe c'Isaha zitatu z'ijoro] itariki 18.01.2024. 


Share on your social networks