IMYIDAGADURO : UMUNYAMIDERI BIGANA ALVIN YATEJE URUHAGARARA KURI TWITTER INYUMA YO GUSHIRAKO IFOTO ASA NUKO YAVUTSE.

IMYIDAGADURO : UMUNYAMIDERI BIGANA ALVIN YATEJE URUHAGARARA KURI TWITTER INYUMA YO GUSHIRAKO IFOTO ASA NUKO YAVUTSE. - image | daflx blog

Published 20-07-2023 11:07:51 in

Umunyamideri Bigana Alvin asanzwe aba mu gihugu c'ubufaransa nawe ntiyorohewe kuri Twitter kubera ifoto aheruka gushira ahabona kuri urwo rubuga.

Uwo munyamideri w’umurundi abarizwa mu bufaransa, aheruka gusangiza ifoto yiwe Kuri Twitter, ifoto itavuzweko rumwe kubera uburyo aboneka.

Iyo foto yavuzweko na benshi, akaba yari uko yavutse, ariko akaba mu kuyishira Kuri urwo rubuga, yakatiye iyo foto musi gato y’umukondo. None abantu bari bamaze umwanya bameze amababa.

Abatari bake bakoresheje imvugo mbabarira matwi mu kuyitera ivyatsi, kuko kubw’abo itabereye na gato.

Bamwe mu bagize ico bayivugako, bakaba bifashe ku munwa, abandi n’abo bavuga ko bari bavyiteze baravye ingendo yari agize imisi imuranga.

Uwo musore ari mu bamaze imisi bambara imyambaro y’ibigo bikomomeye mu gihugu c’ubufaransa mu ntambuko zihabera.

Bigana Alvin mu kwidoga ashikiriza akari ku Mutima, akaba yasangije abamukurikirana aya majambo.

Yagize Ati : ” Rimwe na rimwe ndibaza nti mbega umuntu ashobora kuba jugé bivanye n’uko yambara, nuko atambuka? Bigatera ingorane abandi Bantu? Burya dufise ingorane zitandukanye.”


Share on your social networks