IMYIDAGADURO : UMUGWI NDANGAKARANGA INTWARI USANZWE UKORERA MU GIHUGU C'URWANDA URIKO WITEGURIRA IGITERAMO MUR'ICO GIHUGU.

IMYIDAGADURO : UMUGWI NDANGAKARANGA INTWARI USANZWE UKORERA MU GIHUGU C'URWANDA URIKO WITEGURIRA IGITERAMO MUR'ICO GIHUGU. - image | daflx blog

Published 19-06-2023 05:06:00 in

Umugwi ndangakaranga w’abarundi ukorera I Kigali mu RWANDA witwa Intwari, ugiye gukora igiteramo muri'co gihugu,mu butumwa bwabo bakaba bazorata u BURUNDI babicishije mu mvyino n’intambo z'ikirundi.

 

Uwo mugwi ugizwe n'abarundi bazanzwe barangurira imirimo muri'co gihugu, mu kwezi kwa mukakaro uno mwaka bariteguriye igiteramo i Kigali, aho bazorata u BURUNDI babicishije mu mvyino n'intambo z'ikirundi.

amakuru dukesha uwurongoye uwo mugwi, intumbero bafise arukurata u BURUNDI.
Ico giteramo gitegekanijwe Kw’igenekerezo rya 21.07.2023, mu gace kitwa Niboye I Kigali. kikaba cahawe izina rya Heart of Africa, kuko ngo igihugu cacu ariwo Mutima wa Afurika.
Muri ivyo birori umugwi IGANZE GAKONDO  w’abanyarwanda uzohaseruka.

Uwo mugwi ndangakaranga ukaba watangujwe n’abanyarwanda babaye hano iwacu, ariko mu nyuma ukaza kwinjirwamwo n’abarundi bari barangurira imirimo yabo mu Rwanda.

Umugwi NDANGAKARANGA INTWARI ukaba umaze guserukira Uburundi mu mahanga ahatari hake, eka mbere n’i Kigali ukaba usigaye uri rutumwako mu bikorwa bitandukanye bikenerwamwo umugwi ndangakaranga w’abarundi.


Hari n’iyindi migwi ndangakaranga y’abarundi ikorera I Kigali, eka mbere n’abaririmvyi batandukanye basanzwe bakora Karaoke, Kandi bakunzwe cane muri ico gihugu kibanyi.


Share on your social networks