IGITANGAZA: UMWANA YAMIZWE N'IMVUBU

IGITANGAZA: UMWANA YAMIZWE N'IMVUBU - image | daflx blog

Published 13-12-2022 06:12:54 in

Mu gihugu c'ubuganda neza na neza ahitwa "gasese" hari umwana yamizwe n'imvubu, uwo mwana bivurwa ko yariko arakina hama imvubu iraza iramumira itamwishe, abantu babibonye niko gukoma induru ya mvubu iramucira nyamwana kandi aza akomeye, iyo mvubu yaciye ikura meza iriruka.

Nyina agiye kuraba aho imutaye agira ngo yacikanye, yamutoye nk'uwutoye ikiziga amunyarukana ku bitaro bimwegereye.

Abaganga bamaze ku mupima basanga umwana arakomeye, ntaco yabaye kiretse udukomere dukeyi bamubonyeko k'umubiri.

N'IGITANGAZA GIKOMEYE KUBONA UVA MU NDA Y'IMVUBU UKAGARUKA IMPORE.

Share on your social networks